Abantu baharurwa mu majana babuze ababo mu gitero c’iterabwoba cahitanye abantu 587 i Mogadishu hamwe n’abategetsi ba reta ya Somaliya ejo kuw’Imana niho bahurira hamwe bibuka umwaka urangiye ico gitero kibaye. Umukuru w’igisagara ca Mogadishu, Abdirahman Omar Osman "Yarisow" yavuze ko iryo huriro ryo kw’itariki 14 z’ukwezi kw’icumi kwari ukwerekana ko abanyagihugu ba Somaliya biyunze mu kwiyamiriza iterabwoba. Abdullahi Mohamed Shirwa yari arongoye umurwi wo gutabara igihe ico gitero caba yavuze ko reta yashikirije ko ico gitero c’iterabwoba casize impfuvyi 1547 zifise imyaka iri munsi ya 15. Umuhari w’iterabwoba al-Shabab gushika ubu nturemanga ko ariwo wakoze ico gitero, ariko sentare za Somaliya hamwe n’abategetsi bajejwe iperereza bavuga ko bafise ivyemeza ko uwo muhari ariwo uri inyuma yaco.
from Voice of America https://ift.tt/2RPzQjO
via IFTTT
No comments:
Post a Comment