Ubushinwa Bwemereye Afurika Imiriyaridi 60 z'Amadorari

Ubushinwa butangaza ko bwiyemeje gukoresha umutahe w’imiriyaridi 60 z’amadolari muri Afrika. Uyo mutahe ugamije gukoreshwa mu rwego rw’ubudadandji n’urwo kwubakisha. Ubushinwa butangaza kandi ko buzofasha ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika kuriha amadeni yavyo, igihe co kuyariha kigeze mu mpera z’uyu mwaka.  Perezida Xi Jinping yashikirije iryo tanganzo kuri uno musi wa mbere mu birori vyo kw’ugurura icese inama igiye guhuza Ubushinwa n’abategetsi bo muri Afrika mu gisagara ca Beijing. Perezida Xi ntiyatanganje ibihe bihugu Ubushinwa buzofashwa kuriha amadeni yavyo, ariko ico gikogwa kigamije gukuraho amadeni ari k’umugabane wa Afurika kugira ibihugu vyaho ntibigume biboshwe n’ingingo za politike zifatiye kumadeni bifise. Ashikiriza ijambo ku bategetsi b’ibihugu birenga 30 mu nyubakwa yiswe Ingoro y’abanyagihugu, Xi yavuze ko imugambi n’ibikogwa vy’igihugu ciwe k’umugabane wa Afrika bizobandanya kandi ko bitazoba bishingiye ku nyungu za politike.

from Voice of America https://ift.tt/2wCyr6n
via IFTTT

No comments:

Post a Comment