Ubushinwa butangaza ko bwiyemeje gukoresha umutahe w’imiriyaridi 60 z’amadolari muri Afurika. Uyo mutahe ugamije gukoreshwa mu rwego r’ubudadandji n’urw’ibikorwa remezo. Ubushinwa butangaza kandi ko buzofasha ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afurika kuriha amadeni yavyo, igihe co kuyariha kigeze mu mpera z’uyu mwaka. Ivyo byatangajwe na Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa mu birori vyo kwugurura icese inama ihuza Ubushinwa n’abategetsi bo muri Afrika mu gisagara ca Beijing. Perezida Xi ntiyatanganje ibihugu Ubushinwa buzofasha kuriha amadeni yavyo. Ariko ico gikogwa kigamije gukuraho amadeni ari k’umugabane wa Afrika kugira ibihugu vyaho ntibigume biboshwe n’ingingo za politike zifatiye ku madeni bifise. Ashikiriza ijambo ku bategetsi b’ibihugu birenga 30 mu nyubakwa yiswe Ingoro y’abanyagihugu, Xi Jinpig yavuze ko imugambi n’ibikogwa vy’igihugu ciwe k’umugabane wa Afurika bizobandanya kandi ko bitazoba bishingiye ku nyungu za politike.
from Voice of America https://ift.tt/2oB84da
via IFTTT
No comments:
Post a Comment