Sentare nkuru muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuri uyu wa mbere yahebuje Jean-Pierre Bemba imenyesha ko atemerewe kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu, yishimikije icaha yagirijwe co gupfumbatisha ivyabona mu rubanza aburanishwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i LaHaye mu Buholande. Mu mpera z’uku kwezi, CPI niho itegekanya kuzoburanisha uwo yahoze ari icegera ca Perezida Bemba, gupfumbatisha ivyabona mu gihe c’urubanza rw’ivyaha vyo mu ntambara ayakurikiranwako n’iyo sentare. Bemba yari umwe mu bari batanze kandidatire zabo, bahisemwo kwitura sentare inyuma y’aho umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Kongo ibankiye guhiganwa mu matora yo kw’itariki 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.
from Voice of America https://ift.tt/2oDuZ7S
via IFTTT
No comments:
Post a Comment