Umushoferi yari atwaye imodokari ayitumbereza mw’isinzi ry’abantu bakoraniye hamwe mu Bushinwa, yica abantu icenda, akomeretsa abandi 46, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi b’aho vyabereye ejo ku musi wa gatatu. Ivyo vyabereye mu gisagara ca Hengdong mu ntara ya Hunan, iri hagati mu gihugu. Igiporisi kimenyesha ko cafashe uwo mushoferi w'imyaka ishika mirongo ine, avugwa ko yigeze gufungwa azira gucuruza ibiyovyabwenge. Abategetsi bavuze ko bariko baratohoza ubwo bwicanyi.
from Voice of America https://ift.tt/2NGycSb
via IFTTT
No comments:
Post a Comment