USA: Ibipimo vya DNA mu Gusubiza Hamwe Imiryango y'Abimukira

Reta ya Donald Trump iriko irakoresha ibipimo vya DNA kugira ishobore gusubiza abavyeyi abana barenga 3000 bagisigaye mu kigo bakoranirijwemwo igihe batandukanwa n’abavyeyi binjiye mu buryo buteye kubiri n’amategeko. Ivyo reta iriko ibikora yihuta kugira itariki ya 26 z’uku kwezi kw’indwi yahawe na sentare ngo abana bazobe basubijwe abavyeyi babo ntizoshike ivyo bitarahera. Ni mugihe kandi Trump yongeye gusaba inama nshingamateka kwihutisha gusubiramwo gusha amategeko agenga abimukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu aserukira abo bana avuga ko afise amakenga yuko ivyo bipimo vya DNA bishobora kuzokoreshwa kugira bagenzure neza abo bana ubuzima bwabo bwose bazomara muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

from Voice of America https://ift.tt/2Nto8Jq
via IFTTT

No comments:

Post a Comment