Trump Arashigikiye Ibiro ICE Bijejwe Umutekano Kumipaka

Kuri uno musi wa mungu Prezida wa Amerika Donald Trump, yabandanije gushigikira icese ibikogwa vy’ibiro vya reta bijejwe gucungera umutekano kumipaka naho bamwe mubagize umugambwe w’abademokrate basaba kw’ivyo biro bifutwa. Bimwe muvyo Trump yashikirije k'urubuga gwiwe gwa Twitter mu mpera z’iyi ndwi, avuga ati “Abademokrate bashaka gufuta ibiro vya ICE kandi bakora neza, bagashaka kandi kw’imipaka iguma yuguruye. Ati, "ubugizi bwa nabi bwohava bwiyongera bukaba umurengera”. Mu kiganiro n’ikinyamakuru Fox News, Trump abonako kubijanye na politike y'igihugu, avuga ati “ Iki kibazo ndagikunda cane”. Yongerako ati ni abademokrate babandanya gusaba kw’ivyo biro vyugagwa ati “ N’ibaza ko batazosubira gutsinda amatora n’amwe”. Trump ntiyagize ico ashikirije kuri twitter yiwe kubijanye n’imyiyerekano yagizwe mubisagara bitandukanye vy’igihugu, ariko yanditse avuga ati “Iyo abantu binjiye mugihugu cacu muburyo butemewe n’amategeko, dutegerezwa ako kanya nyene tubasohora bitarinze kumara imyaka n’imyaka munzira z’ubutungane. Avuga ati "amategeko yacu n’ayambere acuramye kw’isi yose".

from Voice of America https://ift.tt/2KHdyMQ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment