Al-Shabab Yagandaguye Abantu Batanu Muri Somaliya

Muri Somaliya abasivile bashika kuri batanu bishwe, abandi cumi barakomereka mugitero cagizwe n' abagwanyi ba al-Shababa hakoreshejwe ibisasu bikomeye birungikwa mukirere. Ico gitero cagizwe kumugwa mukuru I Mogadishu. Ayo makuru aremezwa na Abdulaziz Ali Ibrahim umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano. Uwo mutegetsi yabwiye ijwi ry’ Amerika kw’abo bantu bose bakomerekejwe n’ivyo bisasu bitegwa mukirere. Abahinga bakurikiranira hafi ibijanye n’umutekano I Mogadishu, babwiye ijwi ry’ Amerika kw’ivyo bisasu bikoma komeye vyaguye kumutaga w'uno musi mu kigwati ca Wadajir hafi y’ibiro bikuru vy’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zijejwe gucungera umutekano muri Somaliya AMISOM. Ico kigwati al-Shaba yateye kiri  hafi y’ikibuga c’indege c'I Mogadishu. Abagwanyi ba al-Shaba biyitiriye ico gitero cabaye kuri uno musi wa mungu. Bavuga kandi kw’ico gitero bagize catumbera ivyo biro vy’inteko z’umuryango wa Afrika.   

from Voice of America https://ift.tt/2tJRXx7
via IFTTT

No comments:

Post a Comment