Afganistani: Umwihevyi Yishe Abantu 20

Muri Afganistani umwihevyi yagize igitero ca bombe k’ubwoko bubiri bw’inkehwa z’aba Sihks n’abahindi. Ico gitero caberye mu ntara ya Nangarhar mu buraruko bw’igisagara ca Jalalabad kur’uyu wa mungu, gihitanta abantu bashika kuri 20. Tarlok Singh umwe mubanyagihugu bo mw’idini ry’aba Sikh yabwiye ijwi rya amerika ati “Badukoreye ikibi. Batugizemwo abamaritiri 15 bongera bakomeretsa abantu 15. Ati “twebwe nta mugambwe canke umugwi n’umwe twegamiye. Yongerako ati "Ni kubera iki baduteye atanumwe turigera tugirira nabi”. Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Afganistani babwiye ijwi ry’Amerika ko igitigiri c’abapfuye gishika kuri 19 kandi ko abakomeretse bashika kuri 20. Uwo mugwi w’aba Sikhs n’abahindi bivugwa ko bari bagiye murubanza rwaru rwateguwe n’umukuru w’igihugu Ashraf Ghani kumwe n’aba buramatari mugihe uwo mwihevyi yabituritsamwo iyo bombe. Ubagwanyi baharanira reta ya ki islamu babicishije mu kinyamakuru cabo Amag, biyitiriye ico gitero cabereye I Jalalabad. Yamara bo bavuga ko intumbero yabo yari iyo gutera ivuriro. 

from Voice of America https://ift.tt/2tRVTLe
via IFTTT

No comments:

Post a Comment