Ubwicanyi Muri Centrafrika Bwahitanye Abantu 17

Ubwicanyi bwabaye ejo ku musi wa kabiri kw’ishengero, ku musigiti, no kw’ivuriro biri kumurwa mukuru wa Republika ya Centrafrika, bwahitanye abantu 16 muribo hakaba harimwo umupadiri. Vyatangajwe n’ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, ibitaro, hamwe na ONU. Ishirahamwe ry'abaganga batagira iambibe, "Medecins Sans Frontieres" ryo ryatanganje ko hapfuye abantu batandatu, rihamagarira umutekano inyuma yaho abanyagihugu bamwe bamwe bagabishije ibitero kubitaro SICA, aho abantu bashika kuri mirongo itanu barashwe hamwe n’abakomerekeye muri ivyo bitero bariko baravurigwa. Hari hamaze imisi hari icuka kibi ku murwa mukuru wa Bangui inyuma yaho mu ntango z’ukwezi kwa kane inteko za ONU hamwe n’abasirikare ba Reta batanguriye ibikorwa vya gisirikare mu kigwati kigizwe ahanini n’abayislamu ca PK5. Ivyo bikorwa vya gisirikare vyari bigizwe ahanini n’ukwaka ibigwanisho imigwi abagwanyi, ariko abakuru b’iyo migwi baranse kubishikiriza. Ibiziga vy’abasivile cumi n’indwi baguye mu bitero vyabaye ejo ku musi wa kabiri vyashizwe imbere y’ibiro vy’inteko za ONU haciye umwanya muto bagandaguwe. Ishirahamwe, "Medecins Sans Frontieres" ritanganza k’ubwo bwicanyi bwatanguye mu kigwati ca PK5 n’icitwa Fatima.  

from Voice of America https://ift.tt/2w66RBh
via IFTTT

No comments:

Post a Comment