Kur’uyu wa kabiri muri Nijeriya, ibitero vya bombe zibiri zaturikijwe mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu ku musigiti warimwo abantu bariko barasenga. Ivyo bitero vyahitanye abashika kuri 28 bikomeretsa abandi 56. Igipolisi kivuga ko benshi baguye mu gitero ca kabiri cagizwe ku bantu bariko bagerageza guhunga igitero ca mbere. Ivyo bitero vyagizwe mu gisagara ca Mubi inyuma y’umusi umwe Prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari, abonanye na mugenzi we prezida wa Amerika Donald Trump. Bimwe muvyo abo bategetsi baganiriye ni ikibazo gihanze Nijeriya c’umugwi w’intagondwa za Boko Haram. Ivyo bitero vyabaye kuri uno musi wa kabiri vyaciye vyitirigwa uwo mugwi ako kanya nyene. Ribaye irya kabiri mu kiringo c’amezi abiri habaye ibitero bihitana abantu batari bake mu musigiti uri mur’ico gisagara ca Mubi. Mu kwezi kwa cumi na rimwe, mu kindi gitero cari gikomeye cane, umusore w’umwihevyi yiturikijeko bombe mu musigiti warimwo abantu bari mu masengesho yo mu gitondo, yica abashika kuri 50. Boko Haram yari yarafashe igisagara ca Mubi mu bitero uwo mugwi wagize mu karere k’uburaruko bushira ubuseruko bw’igihugu mu mwaka wi 2014, mu ntumbero yo gushing Reta igendera ku mategeko akomeye y’idini rya Kiyislamu. Abo bagwanyi bahavuye bomogwa mur’ako karere kari ku mupaka wa Nijeriya na Kameruni n’igisirikare cifatanije n’imigwi y’abasivile bitwaje ibigwanisho.
from Voice of America https://ift.tt/2Ib4VfF
via IFTTT
No comments:
Post a Comment