Urwego rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi, CNC, rwahagaritse amaradiyo mpuzamakungu abiri gusamiranira ku butaka bw’igihugu c’Uburundi mu kiringo c’amezi atandatu. Karenga Ramadhan arongoye urwo rwego yavuze ko radiyo BBC itihanuye kandi yaragabishijwe, nayo radiyo Ijwi ry’Amerika yararenze amategeko mu kubandanya isamiranira ku murongo w’i Radiyo yugawe mbere inaha akazi umumenyeshamakuru w’umurundi aronderwa n’ubutungane bw’Uburundi . Karenga Ramadhan arongoye urwego CNC mu kiganiro ku bamenyeshamakuru yemeje ko abagize urwo rwego bumvirije ibivurwa mu binyamakuru bisamiranira mu gihugu c’Uburundi kuva umwaka wa 2018 utanguye. Kuri uyu wa kane baciye bafata ingingo yo guhagarika iradiyo y’Abongereza BBC hamwe n’Ijwi ry’Amerika mu kiringo c’amezi atandatu kudasubira gusamiranira ku butaka bw’Uburundi kuva kw’igenekerezo ry’indwi ukwezi kwa gatanu 2018. Karenga avuga ko BBC itihanuye kandi yaragabishijwe. Ku bijanye n’iradiyo Ijwi ry’Amerika uyo arongoye urwego CNC yavuze ko iyo radiyo yahonyanze amategeko bikomeye ari naco gituma ifatiwe ibihano itanagabishijwe. Ayo nayo ni nko kuvugira ku murongo w’Iradiyo yugawe, guha akazi umumenyeshamakuru aronderwa n’ubutungane bw’Uburundi hamwe n’ugutangaza amakuru ahengamye. Ikindi kinyamakuru cafatiwe ibihano n’ikinyamakuru Le Renouveau hahagaritswe igisata co kumenyekanisha mu kiringo c’amezi atatu. Eka na radiyo y’Abafaransa, iradiyo Isanganiro hamwe na radiyo CCIB fm bagabishijwe n’urwo rwego. Abajijwe nimba izo ngingo urwo rwego rwafashe atari izerekana ko mu gihugu c’Uburundi ata bwigenge bwo kumenyeshamakuru buhari mu gihe Uburundi buri no mu bihe bidasanzwe vy’amatora uwurongoye CNC yishuye ko urwo rwego rwisunga amategeko atakindi ruraba. Karenga yavuze ko izo ngingo za CNC atari ntabanduka kuko uwubona yarenganijwe ashobora kwitura ubutungane afise ukuri bukamurenganura. Izo ngingo zikaba ziyongera ku yafashwe ku wa 11 ukwezi kwa kane n’urwo rwego yo guhagarika igisata c’ikinyamakuru Iwacu aho abantu batangira ivyiyumviro ku nkuru zanditswe n’ico kinyamakuru. Izo radiyo zihagaritswe zikaba zisanze mu bihano. Radiyo ntumbero FM yahagaritswe mu kiringo c’amezi atandatu na CNC kuva m’ukwezi kwa mbere 2018. I Bujumbura Raymond Nzimana Ijwi ry’Amerika
from Voice of America https://ift.tt/2rlIyd1
via IFTTT
No comments:
Post a Comment