Amerika Itewe Impungenge na Kamarampaka mu Burundi

Deparitema ya Reta muri Reta zunze ubumwe za Ameriaka itangaza ko itewe impungenge n’amatora ya kamarampaka ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 z’uku kwezi kwa gatanu mu Burundi. Mw’itangazo yayo y’uno musi, Amerika yavuze ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu Burundi rije kugwiza n’ubusa ibiringo ntabanduka  umukuru w’igihugu atabwirizwa kurenza ku butegetsi mu Burundi, kandi ko umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro unyuranye n’amasezerano ya Arusha. Muri iryo tangazo, Deparitema ya Reta y’Amerika ibandanya isigura  ko abiyumviriye uwo mugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro mu ntumbero yo kuguma ku butegetsi bariko basubiza inyuma intwaro ya demokarasi mu Burundi. “ Turiyamirije iterabwoba, ihohoterwa no kuzivya abadashigikiye ko ibwirizwa   nshingiro  rihindurwa mu Burundi .” Uko ni ko iryo tangazo rihamagarira Reta kubahiriza uburenganzira bwa kiramwamuntu mu gushikiriza ivyiyumviro  ribandanya rivuga. Departema ya Reta y’Amerika yibutsa Reta y’Uburundi ko uburenganzira n’uruhara rw’ababipfuza kugira ico bahimirije muri kamarampaka yo kuri uno wa 17 bitegereza kungana.   Amerika isozera ivuga ko yiteguye kubandanya ikorana n’Uburundi mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro, iterambere rirama no gukomeza  umutekano.  

from Voice of America https://ift.tt/2w4fMDr
via IFTTT

No comments:

Post a Comment