USA: Abantu 4 Bakomeretse Barashwe ku Cicaro ca Youtube

Igiporisi mu gisagara ca San Bruno, muri reta ya Californiya muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gitangaza ko hari umuntu yarashe ahari icicaro gikuru c’ishirahamwe Youtube. Umukuru w’igiporisi mur’ico gisagara avuga ko abantu bane bakomeretse kandi umugore yagavye ico gitero yishwe. Nta vyinshi biramenyekana kucatumye agaba ico gitero. Ibitaro vyo mu gisagara ca San Francisco hafi y’aho bivuga ko abarashwe bariko baravurwa.

from Voice of America https://ift.tt/2q5hCyn
via IFTTT

No comments:

Post a Comment