Umugabo Yasekeje Abantu 10 n'Imodoka i Toronto

Umugabo yagirizwa ko yishe abantu 10, abasekesheje imodoka yariko aragendesha ararenguka muri sentare uyu musi ku wa kabiri. Ivyo vyabaye igihe bari mu nzira y’abagendana n’amakuru iruhande y’ibarabara mu gisagara ca Toronto mu gihugu ca Canada, Abapolisi ba Canada bariko baratohoza kugira bamenye icatumye uyo mugabo yica abo bantu muri ico gitero cakomerekeje n’abandi 15.  Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Toronto, Mark Saunders, yavuze ko umugabo yakoze iryo bara yitwa Alek Minassian afise imyaka 25. Yasiguye ko uyo mugabo asa n’uwasetse abantu n’iyo mudoka abishaka kandi yabiteguye.  Umushikiranganji wa Canada ajejwe umutekano, Ralph Goodale, yatangaje ko inyuma y’aho agiriye inama n’abandi bategetsi bajejwe umutekano, basanze iryo gandagurwa ry’abantu rifitaniye isano n’ikibazo c’umutekano w’igihugu.

from Voice of America https://ift.tt/2HoV7iG
via IFTTT

No comments:

Post a Comment