Inyuma y’urugendo rwiwe mu gihugu ca Etiyopiya, umuyobozi mukuru w’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu kw’isi avuga ko hari icizero kirimwo amakenga make ku bijanye n’agateka ka muntu muri ico gihugu. Ivyo Zeid Ra’ad al-Hussein abivuze mu gihe haciye ukwezi kumwe Etiyopiya itoye umushikiranganji mukuru mushasha Abiy Ahmed. Uyo mugetsi mushasha wa Etiyopiya yemeza ko hagiye kuba ihinduka ry’ibitari bike mu gihugu. Mw’ijambo Zeid Ra’ad al-Hussein yashikirije kuri uno musi wa kane, yavuze ko yaronse akaryo ko kugendera intara ya Oromia yaranzwemwo n’imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwari buhari mu misi yahera. Zeid yongeye abonana n’abanyororo baheruka kugirirwa ikigongwa na reta. Zeid yavuze ko yumvise akamo gasaba ko Etiyopiya yokugwa ku rutonde rw’ibihugu biri mu bihe vy’umutekano muke, agasaba ko hugagwa ubundi bunyororo, kandi hakaba ibiganiro bigizwe n’impande zose. Zeid avuga ko yashoboye gushikiriza ivyo vyipfuzo umutegetsi mushasha wa Etiyopiya.
from Voice of America https://ift.tt/2HzicLz
via IFTTT
No comments:
Post a Comment