Afrika y'Epfo: Winnie Mandela Yitavye Imana

Winnie Mandela umutambukanyi w’uwahoze ari perezida wa Afrika y’epfo nyakwigendera Nelson Mandela yitavye umuremyi kur'uyu wa mbere. Madame Winnie yari afise imyaka 81 akaba yitavye umuremyi aho yari arwariye mu bitaro vy’i Johanesburg muri Afrika y’epfo. Iyo nkuru yatangajwe n’umuvugizi wiwe.  Victor Dlamini, yashikirije itanganzo ati “ni n’umubabaro mwinshi tubamenyesheje yuko madame Winnie Madikizela Mandela yitavye umuremyi mu bitaro vya Milkpark i Johanesburg kuri uno musi wa mbere itariki 2 z’ukwezi kwa kane." ​Winnie yubakanye n’umushingantahe wiwe Mandela mu mwaka 1956 bahava barahukana mu mwaka w’i 1996. Hari inyuma y’imyaka ibiri Nelson Mandela abaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure muri Afrika y’epfo. Madame Winnie Mandela yari amaze ikiringo c’umwaka umwe akitswe n’amagara. Umuvugizi wiwe avuga ko yitavye umuremyi ku mutaga wo kur'uno musi wa mbere akikujwe n’umuryango wiwe . 

from Voice of America https://ift.tt/2q1zN7k
via IFTTT

No comments:

Post a Comment