Afrika y'Epfo: Abakozi Basaba Umushahara Wisununuye

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bagize imyiyerekano, uno musi ku wa gatatu, mu gisagara ca Johannesburg, mu gihugu ca Afrika y’epfo.  Hari mu ntumbero yo kwiyamiriza umugambi washikirijwe na Reta werekeye umushahara udashobora kuja musi abakozi bahembwa kw’isaha.  Ni kimwe mu bibazo bikomeye Prezida Cyril Ramaphosa ariko ahangana navyo kuva ashikiye ubutegetsi mu kwezi kwa kabiri.  Bitegekanijwe ko Reta ya Afrika y’epfo, igeramiwe n’urugero rw'ubushomeri ruri hejuru cane, ishikiriza umugambi w’uguhemba abakozi idolari imwe n’amasenti mirongo itandatu kw’isaha. Yamara uwo mugambi waranebaguwe n’abantu batari bake mu kuvuga ko uwo mushahara wo kw’isaha uri hasi cane.  Martin Kgaladi akora mu gisata c’imodoka avuga ko uwo mushahara uteye isoni. Avuga ko ari umushahara w’abacakara.  Yagirije Prezida Ramaphosa ko ashigikiye umushahara ucinyiza abakozi yigeze kuba avugira.  Ramaphosa yiyemeje ku vyerekeye gukomeza ubutunzi bw’igihugu n’ukurwanya ubushomeri mu gutuma imitahe y’abanyamahanga iza mu gihugu, hamwe no gufatira ingingo zikomeye ruswa mu nzego za Reta.

from Voice of America https://ift.tt/2HZ25rH
via IFTTT

No comments:

Post a Comment