Abimukira bashika kuri bane barapfuye ku musi w’Imana mu gihe bari mu bwato bagerageza kujabuka muri Espanye bavuye muri Maroke, nkuko makuru atangwa n’abatabara mw’ibahari avuga. Ibiziga vyabo vyatowe mu mazi hagati ya Maroke na Espanye. Umuntu umwe gusa yarokotse yabwiye abatabara ko 12 aribo bari muri ubwo bwato igihe banduruka bavuye mu gisagara ca Tanger ku ruhande rwa Maroke mu gaturuturu. Amamuko y’abo bimukira bari mur’ubwo bwato ntaramenyekana gushika ubu. Kuva itariki 7 y’ukwezi kwa mbere gushika 25 z’ukwezi kwa gatatu, abimukira 120 barapfuye bariko baragerageza kwinjira muri Espanye baciye mw’ibahari nkuko ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM ryabitangaje.
from Voice of America https://ift.tt/2uCaZIH
via IFTTT
No comments:
Post a Comment