Umunyepolitike Miguna Miguna ari Muminwe y’Igipolisi ca Kenya

Kuri uno musi wa kabiri, umutegetsi w’ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu muri Kenya amenyesha kw’abategetsi biteguriye kwongera kwirukana incuro igira kabiri umunyepolitike atavuga rumwe na reta kandi sentare yaramuhaye uburenganzira bwo kuguma mu gihugu. Miguna Miguna yari yarirukanywe mu gihugu arungikwa muri Canada incuro ya mbere mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Ico gihe ubutegetsi bwariko bufatira ingingo zikomeye abagize uruhara mw’iyimikwa ritemewe n’amategeko rya Raila Odinga kw’itariki ya 30 y’ukwa mbere. Sentare ya Kenya yari yategetse ko Miguna asubizwa igitabo ciwe c’inzira (ca Kenya, kandi kw’ahabwa uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu. Umushingamateka James Orengo akaba kandi umwe mu bashingwamanza ba Miguna amenyesha ko sentare yari yategetse kandi ko komisiyo y’igihugu ijejwe agateka ka muntu ikwirikirana ukugaruka kwiwe mu gihugu ca Kenya. Kamanda Mucheke, umwe mubategetsi b’ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu, avuga ko Miguna yashitse ku kibuga c’indege i Nairobi ejo ku musi wa mbere, yimwa uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu. Uwo munyepolitike yaciye agira imyiyerekano aho nyene ku kibuga c’indege yiyamiriza iyo ngingo, abapolisi bashika kuri 50 baciye bamufata ku nguvu bamushira mu ndege ya Emirates yari igana I Dubai. Yamara iyo ndege yaruhiye kugenda Miguna atari muriyo. Mur’iki gihe Miguna ari mu minwe y’igipolisi.  

from Voice of America https://ift.tt/2GAczPQ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment