Misiri : Abanyagihugu Bitabiriye Amatora y’Umukuru w’Ighugu

Muri Misiri, abanyagihugu bitabiriye amatora y'umukuru w'igihugu agiye kumara imisi itatu. Vyitezwe ko intsinzi izotahukana umukuru w’igihugu Abdel Fatth al-Sissi asanzwe ari kubutegetsi.  Aho amatora yatangura ku mugwa mukuru no mu ntara cumi na zine zose z’igihugu, abashigikiye umukuru w’igihugu bagize imyiyerekano itari yitezwe mu kibanza ca Tahrir Square yo kumushigikira.  Inzego zijejwe umutekano zigizwe n’abapoisi hamwe n’abasirikare, bari bacungereye umutekano ari benshi ku nyubakwa za reta hamwe n’ibibanza vy’amatora. Za kajugujugu nazo zagenda zigenduza umutekano mubirere bitari bike vy’umugwa mukuru.  Itangazo ry’ibizova mumatora ritegekekanijwe kuzoshikirizwa kw’itariki ya kabiri mukwezi kwa kane. 

from Voice of America https://ift.tt/2DWGJHF
via IFTTT

No comments:

Post a Comment