Reta ya Amerika imaze kwugara ibikorwa vyayo vyose incuro cumi n’umunani kuva mu mwaka w’1976, igihe uburyo buhari mur’iki gihe bw’ugutegekanya amafranga Reta ikoresha bwashirwaho. Ubwa nyuma ibikorwa vyose vya Reta vyugawe hari mu mwaka w’i 2013, igihe haba ukutumvikana ku migambi ijanye n’uburyo bw’ukwivuza. Ivyo vyamaze imisi cumi n’itandatu bituma abakozi ba Reta ibihumbi amajana n’amajana babaye barahagaritswe mu kazi mu kiringo iryo yugarwa ry’imirimo ya Reta ryamaze. Mu mwaka w’i 2013, abakozi ba Reta ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu babaye barahagaritswe mu kazi imisi 16 ibikorwa vya Reta vyamaze vyugawe. Mu kiringo ibikorwa vya Reta biba vyugawe, abakozi ba Reta ntibahembwa, yamara muri kahise barahembwe ibirarirane. Abakozi ba Reta ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu bari musi y’igice c’abakozi ba Reta b’abasivile imiliyoni zibiri. Ibisata bikenewe cane vya Reta nk’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha, FBI, abagenzura imbibe n'Ijwi rya Amerika birabandanya bikoresheje abakozi bakeyi. Abagenduza uruja n’uruza rw’indege bazobandanya ku kazi kabo, co kimwe n’abakozi ba Reta bajejwe umutekano ku bibuga vy’indege. Mu mahanga, ama ambasade ya Amerika, afise abakozi bakenewe cane bazobandanya gutonda ku kazi kurangura imirimo ngenderwako. Yamara ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika ntibwatomoye imirimo bushobora kubandanya bukora mu gihe ibikorwa vyose vya Reta vyugawe. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Rex Tillerson yatangaje ko ubushikiranganji bwiwe bwiteguye hamwe imirimo ya Reta yo kwugara. Mu mwaka w’i 2013, imirimo y’ibiro bijejwe abimukira n’ubenegihugu yarabandanije, yamara iyo mirimo ntiyari yose. Vyitezwe kw’imirimo yerekeye gutwara n’ugutanga amabaruwa ibandanya. Yamara ibikorwa vya Reta vy’ugusubiza amafranga abanyagihugu barishe ikori ryinshi bishobora gutebeshwa. Imirimo y’ukubungabunga ama park y’igihugu izoguma yuguruye mur’iki gihe. Umukuru w’igisagara ca Washington DC, Muriel Bowser, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatanu kw’ibikorwa vy’ugukura umwavu mu bibanza vyose birimwo ivyibutso n’ikibanza ca National Mall borungikira fagitiri Reta. Ibibanza vy’igihugu birimwo inyamaswa, bishobora kuzokugarwa ku baza kuziraba, naho abakozi bakazobandanya kuzigaburira. Umuntu afatiye ku mwaka w’i 2013, vyitezwe kw’amasentare y’igihugu aguma yuguruye. Vyitezwe kandi ko assurance y’abageze mu zabukuru zibandanya kwubahirizwa. Vyitezwe kw’abasirikare babandanya akazi kabo, yamara abakozi b’abasivile bakorera igisirikare bashobora kuzoba barahagaritswe ata mushahara barihwa. Vyitezwe kw’imirimo y’igisata citaho abasekombata ibandanya. Bimwe mu bisata vya Reta nk’amasentare y’igihugu n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanzire bishobora kubandanya imirimo yavo mu ndwi zitari nke, bikoresheje amafranga yavyo bisigaranye. Mur’ico gihe, nyinshi mu mirimo yavyo ishobora kugabanywa.
from Voice of America http://ift.tt/2mUiF1L
via IFTTT
No comments:
Post a Comment