Trump: Tillerson "Atakaza Umwanya" mu Kuganira na Koreya ya Ruguru

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yavuze ko yabwiye sekreteri wa reta, Rex Tillerson, ari we mushikiranganji ajejwe imigenderanire ko ariko aratakaza umwanya wiwe mu kugerageza kuganira na perezida wa Koreya ya ruguru. Trump yagize ati" Ewe Tillerson yaco uta umwanya wawe, tuzokora igikwiye gukorwa!" Trump yavyanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter kur’uyu w’Imana. Deparotema ya reta y’Amerika ku musi wa gatandatu yatangaje ko Koreya ya ruguru ata kimenyetso na kimwe yerekana ko yipfuza ibiganiro ku mugambi wayo wa Nikleyeri, inyuma y’aho Tillerson amenyeshereje ko Amerika yavuganye n’ico gihugu.

from Voice of America http://ift.tt/2hEPOzi
via IFTTT

No comments:

Post a Comment