LIBERIA: Umugambwe Uri ku Butegesi Wahakanye Ivyavuye mu matora

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Liberia watangaje kw’ugiye gushinga urubanza rwo guhakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, inyuma y’aho umunyapolitike yahiganywe ku giti c’uyo mugambwe, aronkeye ikibanza kigira kabiri. Uyo mugambwe Unity Party urega Prezida w’igihugu ca Liberia wo mur’iki gihe, Elen Johnson Sirleaf, asanzwe ari mur’uyo mugambwe, ko yagize uruhara mu biharuro vyavuye mur’ayo matora yabaye kiw’igenekerezo rya 10 ry’uku kwezi kw’icumi, ukaba umurega ko yagize inama n’abacamanza bajejwe ayo matora imbere y’amatora. Itangazo ryasohowe n’umugambwe uri ku butegetsi Unity Party hamwe n’iyindi migambwe ibiri  ku wa mungu, rivuga kw’ayo matora yaranzwe n’amahinyu menshi hamwe n’ubusuma bw’amajwi. Iryo tangazo rivuga kandi kw’inama Prezida Sirleaf yagizemwo uruhara, yerekana ko yarenze ku mategeko agenga amatora, kandi ata burenganzira na bumwe yar’abifitiye. Iyo migambwe yavuze kw’izoja mu matora y’incuro igira kabiri ategekanijwe kw’igenekerezo ry’indwi ry’ukwezi kwa 11, yamara ngo irizeye ko sentare izoba imaze guca urubanza

from Voice of America http://ift.tt/2gKvmtc
via IFTTT

No comments:

Post a Comment