Saudi Women's Rights Activist

Inyuma y’aho ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, umwami wa Arabi Saudite atangiye itegeko riha uburenganzira abakenyezi bwo gutwara imodoka, Manal al Sharif, umunya Australiya aba mur’ ico gihugu, akaba umwe mu bakenyezi bari bamaze igihe kitari gito ayoboye umurwi uharanira ubwo burenganzira, avuga kw’ agiye gusubira mu gihugu ciwe kugira abe umwe mu bakenyezi ba mbere bazotwara imodoka mur’ ico gihugu. Ubwami bwa Arabie Saudite idini rya Islamu ryavukiyemwo, ni kimwe mu bihugu vyagiye biranegurwa kubera vyimye abakanyezi uburenganzira bwo gutwara imidoka. Iryo tegeko rizoshirwa mu ngiro kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa gatandatu mu mwaka uza.  N’imwe mu ngingo zateguwe n’umwami hamwe n’umuhungu wiwe w’imyaka 32 Mohammed bin Salman mu mwaka w’2015, zizoshirwa mu mategeko y’igihugu azohinyanyurwa imbere yo mu mwaka w' 2030. Zimwe mu ngaruka mbi z’iryo tegeko, n’uko abagabo bamwe bamwe bafise umwuga wo gutwara imodoka, cane cane abanyamahanga, bazohava babura ubuzi.  Yamara, abashigikiye iryo tegeko bavuga ko rizofasha ubuzima bwa misi yose bw’imiryango y’abanya Arabiya Saudite, ryongere rigwiriranye urudandazwa rw’imodoka mur’ ico gihugu. 

from Voice of America http://ift.tt/2wYV2Np
via IFTTT

No comments:

Post a Comment