Ubushinwa Bwahagaritse ama Sosiyeti ya Koreya ya Ruguru

Igihugu c’Ubushinwa catangaje ko cahagaritse ayandi mashirahamwe ya Koreya ya Ruguru asanzwe akorera k’ubutaka bwaco. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe urudandaza, kur’uyu wa gatanu. Iyo ngingo Ubushinwa buvuga ko yihetse ku bihano inama y’umutekano ya ONU iheruka gufatira Koreya ya Ruguru mu ntango z’uku kwezi. Iryo tangazo ryaciye k’urubuga ngurukanabumenyi rwa internet, rivuga ko ryaciye rishirwa mu ngiro rigisohoka. Ubwo bushikiranganji bwatangaje kandi ko ata mpusha buzotanga ku mashirahamwe y’Ubushinwa yipfuza kuja gukorera muri Koreya ya Ruguru. Ivyo bihano vyasohotse mu ntumbero yo guhasha Koreya ya Ruguru kugira ihagarike umugambi wayo wo guhingura ibirwanisho vya nucleaire no gutera za misile balistique.

from Voice of America http://ift.tt/2xnmUaH
via IFTTT

No comments:

Post a Comment